Kidum – Amata Y’imfyufyu Lyrics
Mwigeme murondo
Gerageza umpe insiguro yakuno kuntu nkukunda
Urukundo rutihisha ruciza inkonda
Rugwaza intandara
Abatavyumva bakanegura
Hari abarusogose inkota ngo rucikane rucika kwicumu ruca rutera intambwe
Mwigeme
Gira inka n’ibibondo
Murondo
Gira ivyutanga nivyo usigarana
Chorus
uri amata y’imfyufyu
Mucansi c’urukundo
Ntugira agahonzi namba
Uri amata y’imfyufyu
Mucansi c’urukundo ntugira agahonzi namba
Uri icansi ,uri icakunze
Mbwira ukuntu no kwifata
N’ukuntu no kwigenza
Muri kuno kugukunda
Nkubonye mpita mvugishwa
Mpita njugukira
Mpita ncira inkonda
Hari abashatse kudutandukanya
Kudutanya bica bibata kuwamazi
Mwigeme
Gira inka n’ibibondo
Murondo
Gira ivy’utanga nivyo usigarana
Chorus
uri amata y’imfyufyu
Mucansi c’urukundo
Ntugira agahonzi namba
Uri amata y’imfyufyu
Mucansi c’urukundo ntugira agahonzi namba
Uri icansi ,uri icakunze
Mwigeme murondo nanyetengerewe n’urukundo rwawe
Twenga ndore ndebe inyinyi
Usa n’amazi ya rusengo
Chorus
uri amata y’imfyufyu
Mucansi c’urukundo
Ntugira agahonzi namba
Uri amata y’imfyufyu
Mucansi c’urukundo ntugira agahonzi namba
Uri icansi ,uri icakunze